Scroll to Top

Diamond yoba yabaye intambamyi ku mugabo yipfuza kurushinga na Zari

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 05 Jul 2018 09:27 AM / /

Abakunzi ba Zari banakunda Diamond barimwo abagande basa n’abatari barorohereza umumenyeshamakuru w’umu Tanzania yipfuza gushira munzu uwo muvyeyi w’abana 5.

Kitenge Maulid umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru EFm co muri Tanzania ari mu rugamba rudasanzwe n’abegereye uwahoze ari umukunzi wa Diamond Platnumz, intandaro n’ugushaka kugira ubugeni n’uwo muvyeyi w’abana 5, Zarinah Hassan.

Uwo mugabo yahora muri afrika y’epfo aho yari yajanywe n’ukuyaga na Zari ivy’ukuzorushingana hamwe, ntariko aroroherezwa n’abakunzi b’uwo muvyeyi w’abana babiri ba Diamond, barimwo abagande asanzwe akomokamwo kubera ko ngo umugabo boba bashakira Zari ari Diamond ata wundi bashaka.

Urukurukuru rukaba rwari rugize imisi rukwirakwizwa hirya no hino ko yoba yaranswe na Zari, ariko we akavyamirira kure ahubwo akavuga ko umugambi w’ugushinga urugo n’uwo mugandekazi bigeze kure. Akanamenyesha ko yamaze kwitegurira n’ugutanga inkwano mu muryango kw’uwo muvyeyi wa Tiffah.

7,227 total views, 0 views today

Add Comment