Scroll to Top

CECAFA Kagame Cup: Pierrot yafashije Rayon gusezerera LLBS4A

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 06 Jul 2018 06:10 AM / /

Rayon Sport yakatishije itike yo gukina igice 1/4 gishira ica nyuma ca CECAFA kagame Cup.

Kuri uyi wa kane, igenekerezo rya 05, Mukakaro isaha cumi na rimwe z’umugoroba (17h), mu masaha ya hano iwacu, mu gisagara ca Dar es salam ihiganwa rya CECAFA kagame Cup ryari ryabandanije, aho Umugwi Rayon Sports wo mu Rwanda , wasezereye LLBS4A mu kuwutsinda ibitsindo 3-1.Ivyo bikaba bibaye ubugira kabiri Rayon Sports isezerera LLBS4A, ubwa mbere hari muri  CAF Champions League.

Pierrot kwizera, akaba ari mubafashije Rayon Sports gusezerera LLBS4A , aho yashoboye gutsinda igitsindo ca gatatu, ibindi bitsindo bibiri bikaba vyatsinzwe na Abdoul hamwe na kevin, mu gihe igitsindo ca LLBS4A catsinzwe n’umuganda Wagaluka Dan.

Uyo mukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba, akaba akwije ibitsindo bitatu, mu nkino zitatu. Ivyo bikaba ari imboneka rimwe kubona umukinyi wo hagati aharurwa mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi muri iryo, higanwa rya CECAFA Kagame Cup ririko ribera mu gihugu ca Tanzania mu gisagara ca Dar es salam.

LLBS4A ikaba isezerewe muri iryo higanwa rya CECAFA kagame Cup mu gihe iyindi migwi bari my murwi umwe yagiye gukina igice 4 gishira ica nyuma(1/4).

Rayon Sports ikaba igiye guhura mu gice 4 gishira ica nyuma n’umugwi Azam Fc wo muri Tanzania.

3,040 total views, 0 views today

Add Comment