Scroll to Top

Iyi niyo mvo n’imvano ya Yves Kolly gukora indirimbo zikunzwe gusumba abandi

By KING YANN COOL / Published on Friday, 06 Jul 2018 08:01 AM / /

Agacerere Yves Kolly yigeze kuba arimwo ngo ntikari ak’ubusa, ahubwo ngo yarafise ivyo yaragamije gukora. Ivyo akaba aheruka kubiyagira bagenzibacu bakorera imboneshakure yo ku buhinga ngurukanabumenyi. 

Muri ico kiyago, uwo mwanditsi w’indirimbo, akaba umuhinyanyuzi n’umuririmvyi yavuze ko ico gihe yari mu gacerere abantu baguma bamutako umwikomo bamusaba kugira ico akora kuko ngo bari bamunyotewe, ariko we ngo ntivyakunda ko abasha kugira ico akora kuko yariko arakarisha ubwenge.

Kolly The magic akaba kandi yavuze ko ngo ico gihe atashima gukora kuko yashaka kuzoza azanye ibikorwa vyiza kandi bifise akanovera, aho uwo mumenyeshamakuru akaba ari naho yaciye umukorera mu ngata avuga ko muri kino gihe ari muri bake baciwe mu ntoke n’indirimbo zitari nke zikunzwe.

Muri ico kiyago yagiranye na Buja Hit akaba yanavuze ko ubu yiteguye bihagije, ngo ico gihe abantu bipfuza ko akora ariko we yarumva ko hataragera kuko yashaka gukora afise intumbero, apana gukora kugira akore gusa.

“umuzo wanje waje ufise imyiteguro idanzwe cane, mu gihe kinini abantu bobo bifuza ko nkora mugabo jewe mbona ko hataragera ko nkora. Nari nipfuza ko nkoze umuntu yumva ko nakoze nyene, apana ko nkora gusa uwariwe wese yumva ikintu kimuca mu matwi akumva gusa ngo nakoze ntafise impamvu yo gukora. Nibaza ko ariko kabirya kanje, ndabossa canke kubisanzwe.” 

Mwomenya ko uwo muhinyanyuzi abarizwa muri Ingo Music ari mu bari batanguranye na The Bantu Bwoy ent. Imbere yahoakaba ariwe yakoze uturirimbo turari duke twa Big Fizzo twakunzwe cane

3,109 total views, 0 views today

Add Comment