Scroll to Top

Kigingi yoba asigaye avuga mu ndimi?

By KING YANN COOL / Published on Friday, 06 Jul 2018 08:13 AM / /

Kigingi yashitse Addis abeba asohora amasanamu ariko aravuga ururimi rudatahuritse, ariko hakaba humvikanyemwo amwe amwe mu majambo yabashije kuvuga.

 

Mu gihe kigingi ari muri Ethiopie, aho yatanguriye igikorwa ciwe ca Kigingi Summer Comedy, uwo musore yashize hanze aka Video aho yariko avuga ururimi rusa n’urutumvikana.

Bamwe bakaba batanguye kwibaza ko yoba asigaye avuga urwo rurimi rwo muri ico gihugu, ariko abandi nabo bakabona ko hoba hatari bwagere. Ariko ikizwi nuko uwo musore ari mu bantu bakura inkino ziwe mu vy’ahura navyo buri kanya. Bigashoboka ko ako ari kamwe mu dukino yakuye mu rugendo yakoze ku musi w’ejo ava i Bujumbura yerekeza i Addis Abeba muri Ethiopie aho yitavye ubutumire bw’abarundi bagenziwe.

Icumvikanye muri iyo Video yashizwe ku rubuga rwiwe rwa Instagram, n’amazina atandukanye nka Addis abeba, Bujumbura, Comedy

4,950 total views, 0 views today

Add Comment