Scroll to Top

Agacerere kagiye guhera akaririmbo hagati ya Big Fizzo na Elly’s Boy kaboneke

By KING YANN COOL / Published on Friday, 06 Jul 2018 09:00 AM / /

Elly’s boy agiye gukorana akaririmbo n’umuririmvyi Big fizzo, akaba ahejeje kuvyandika ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Inyuma y’agacerere k’igihe, umuririmvyi Elly’s Boy ahejeje kumenyesha ko buca ashira ahabona akaririmbo gashasha yakoranye na Big Fizzo.

Akoresheje urubuga rwa Facebook, uwo mwanditsi w’uturirimbo nka “Siwezi, Promise yakoranye na Olga, Nari mu mahanga,  Bado canke nikumbembeleze” yamenyesheje ko mu muziki atari ugupfa gukora, ngo bisaba umwanya wo kwitegura hama ugakora. Kuriwe igihe yaramaze adasohora ngo yariko aritegura none ubu araje kugira akore igikorwa ciza.

Mwomenya ko akaririmbo gasa n’akanyanyuma yaheruka gusohora ari ako mu mezi 8 aheze, ako nako akaba ari Nikubembeleze.

7,040 total views, 0 views today

Add Comment