Scroll to Top

Bruce Melodie ari mu bahabwa amahirwe yo gutahukana PGGSS mu Rwanda

By KING YANN COOL / Published on Friday, 06 Jul 2018 09:58 AM / /

Muri Primus Guma Guma Super Star i Kigali mu Rwanda ngo hatanguye kumenyekana uwuhabwa amahirwe menshi gusumba abandi ngo atahukane igikombe.

Mw’irushanwa Primus Guma Guma Super Star ryo mu gihugu c’Urwanda, Primusic y’aha iwacu, umuririmvyi Bruce Melodie ngo yoba ariwe ahabwa amahirwe menshi yo gutahukana iryo higanwa rizorangira igenekerezo rya 14 mukakaro.

Mu kiyago uwo mwanditsi w’uturirimbo nka “Complete me, Turaberanye, Ikinya canke Ndakwanga” yagiranye na Igihe yo muri ico gihugu yavuze ko ubu afise amahirwe atari make yo gutahukana iryo higanwa. Ivyo akaba abivuga afatiye ko ngo mu myaka 4 amaze kwitabira iryo higanwa ngo bitamworoheye kuko yahiganwa n’abantu bamusumvya izina n’inkomezi, ariko ubu ngo ariko atana mu mitwe n’abo bangana.

Melodie akaba yagize ati :”Ugereranije n’izindi Primus Guma Guma Super Star zarenganye, natana mu mitwe n’abandusha inkomezi, bari bafise amazina akomeye, ntabwo vyari vyoroshye ko notahukana igikombe.

Yongerako ko ubu ngo amaze gukura bihagije ku :”Ubu ndamaze gukura bihagije, abantu turiko turahiganwa n’abo mu runganwe rwanje, abenshi twatanguriye umuziki rimwe, abandi narabatanze abandi barantanze igihe gito, urumva ndi mu gihe canje n’abantu duhanganye ni abo mu rugero rwanje.

Mwomenya ko iryo higanwa mu mwaka wa 2017 ryatahukanywe na Urban Boys, umurwi warugizwe n’abasore 3, Humble, Nizzo na Safi, ariko ubu umwe muribo akaba yarabasezeye aja gukora ukwiwe. Ubu naho Bruce Melodie akaba ahanganye n’abandi 9, Young Grace, Mico The Best, Uncle Austin, Queen Cha, Active, Just Family, Jay C, Khalfan ndetse na Christopher.

7,544 total views, 0 views today

Add Comment