Scroll to Top

#indundi Sports| Umuliyaridi urenga niwo As Kigal igiye gusubira guhabwa

By Radjabu Bosingwa / Published on Saturday, 07 Jul 2018 03:12 AM / /

Umugwi As Kigali, niwo Mugwi wa mbere mu Rwanda wakoresheje amafaranga menshi, mw’igihanwa ry’urwanda riheruka.

As Kigali usanzwe ukinamwo abarundi batari bake , ugiye gusubira guhwaba amamironi ya mafaranga ya manya Rwanda, kugira urabe y’uko wotahukana ihiganwa rikurikira.

Uyo mugwi wa banya gisagara ca Kigali, mw’ihiganwa riheruka, wakoresheje amahera angana n’imiriyoni 379, arenga 1.137.000.000 y amarundi, ariko ntiwigeze uronka amahirwe yo gutahukana ico gikombe c’ihiganwa ry’Urwanda aho catwawe n’umugwi wa basirikare b’Urwanda APR Fc.

Amakuru twakuye ku kinyamakuru Igihe co mu rwanda , n’uko Uburongozi bw’umuji wa Kigali bwemeye gusubira gutanga ayo mafaranga 1,137,000 fbu ku mugwi As kigali kugira urabe y’uko wotahukana igikombe c’ihiganwa ry’umwaka wa 2018-2019 mbere bikaba vyemezwa n’uwusanzwe ari umumenyereza w’umugwi As Kigali Eric Ndayishimiye.

As Kigali ikaba yarangije ihiganwa ry’umwaka uheze, iri mu kibanza ca kabiri n’amanota 61, mu gihe APR FC niyo yatwaye ikibanza ca mbere na manota 66 . Mukamenyako uyo mugwi wara namaze gusezererwa mu gikombe c’amahoro n’umugwi Mukura Vs.

Mu kibukako uyo Mugwi As Kigali ufise abakinyi batari ba barundi nka Ndarusanze Jean Claude yabaye Umusatirizi wa mbere afise ibitsindo vyinshi mu mwaka uheruka, Ndayisenga Fwadi, Ngama Emanuel hamwe na Ngando Omar.

3,553 total views, 0 views today

Categories : Football kirundi Sports

Add Comment