Scroll to Top

#indundi | Best Life yoba ifungiwe mu bugande kubera amadeni

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 07 Jul 2018 04:32 AM / /

Amadeni abasore bagize umurwi Best life bafise muri Uganda ngo yoba ariyo yabaviriyemwo ukutagaruka I Bujumbura.

Umurwi Best life ngo woba ufungiwe mu gihugu ca Uganda aho bamaze igihe bari bajanywe n’ugukora igiteramo.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Sqoop co mu gihugu ca Uganda ngo uwo mirwi woba warabuze amafaranga yo kuriha hotel bari bashikiyemwo muri Uganda, niko guca gafata ivyangombwa vyabo.

Ayo makuru abandanya avuga ko amakuru bakesha abegereye uwo murwi ngo Manager w’uyo murwi yoba yaciye asubira inyuma I Burundi abasigayo kandi abasiga mu madeni, n’agahamagazo kiwe ngo aba arugaye.

Uwo murwi ngo woba watse indaro muri ico gihugu Ku mugenzi wabo. Tukaba tutarabasha kuronka yaba Manager wabo, canke umwe mu bagize uwo murwi ngo batange umuco kuri ayo makuru.

Mwomenya ko uwo murwi usigaye uri musi y’uburongozi bwa Chako Music Group

10,663 total views, 0 views today

Add Comment