Scroll to Top

Umuririmvyikazi Spice Diana yahakanye ivy’ukuryamana na Weseal

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 07 Jul 2018 04:23 AM / /

Umuririmvyikazi Diana yamenyesheje ko ubucuti afitanye Weseal buhagaze Ku gikorwa c’umuziki gusa.

Imbere yuko Radio yitaba Imana, ngo hoba hari icuka kitari ciza hagati yiwe na Weseal kubera umwigeme spice Diana. Amaze gusandaba, Diana na Weseal ngo woba baciye bagira ubucuti bwa hagufi.

Ikinyamakuru Sqoop kivuga ko abo uko ari babiri ngo ubucuti bwabo bwoba bwarakomeye Ku buryo n’abo hanze babona ko hari ikiriko kira hagati y’uwo musore n’uwo muririmvyikazi Spice.

Inyuma y’urukurukuru rwari ruhagize imisi, uwo muririmvyikazi ngo yavuye mu gacerere atera ivyatsi abamuvugako vyinshi na Weseal, aho hari ku musi wa 1.

Uwo muririmvyikazi ngo yavuze ko abavuga ko aryamana na Weseal ngo atarivyo na gato, ngo gushika ubu ubucuti bafitanye buhagaze Ku gikorwa c’umuziki gusa.

Mwomenya ko uwo murwi wakoranye akaririmbo kitwa Kyuma n’uwo muririmvyikazi Spice, bakaba baranagakoreye amasanamu. Hakaba hari n akandi afitanye na Weseal gaheruka gushirwa ahabona

8,369 total views, 0 views today

Add Comment