Scroll to Top

Ifoto ya Masterland na Nella ntiriko ivurwako rumwe

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 08 Jul 2018 03:09 AM / /

Masterland yashize ahabona ishusho arikumwe n’inkumi, abamukurikirana ntibahuriza kuco yariko arakora.

Uguhuriza Ku ciyunviro 1 ntibiriko birakunda kuri Bose. Abo batariko barahuza n’abakunzi b’ibikorwa vya Masterland, bakaba batariko bahuriza kw’ifoto ziriko zirashirwa ahabona.

Izo foto zimwerekana arikumwe n’inkumi bariko basangira urukanywa. Iyo shusho uwo muririmvyi akiyishira ahabona yayiherekeje n’amajambo y’urukundo akomeye.

Bamwe bakaba bamuteye intege, bakubwira ko uwo mukobwa, Nella, ngo ateye igomwe. Aho bagasobanura ko boba bari mu rukundo.

Ishusho Masterland yashize Ku rubuga rwiwe rwa WhatsApp

Ariko abandi bobo bakaba batabibona uko, kuko bo babona ko uwo muhungu yoba ariko akina ireresi arikumwe n’uwo mukobwa, abandi nabo bakabona ko yoba ariko afata amasanamu y’indirimbo nshasha.

Twagerageje kurondera Masterland ngo agire ico atubwira kuri iyi shusho iriko irakwirakwizwa hirya no hino, ariko tukaba tutarabasha kumuronka.

Mwokwibuka ko akaririmbo aheruka gushirira ahabona amasanamu ari Sabwe aho agaruka Ku buzima bwiwe mu Mana.

11,292 total views, 0 views today

Add Comment