Scroll to Top

Video | Sat-b yasubiriye gufasha umwigeme mu bikorwa vy’ukuririmba

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 08 Jul 2018 03:52 AM / /

 Sat-b ngo yahezagiye ibikorwa vya Esther Nish, umwigeme yasubiyemwo akaririmbo yiwe Feel Love.

Akaririmbo Feel Love ka Sat-b katanguye gusubirwamwo n’abakunzi bako karirimbo. Umwe mu babashije kumenyekana ni Esther Nish, uwo akaba asanzwe ari umuririmvyikazi akongera agakora na Karaoke.

Mu kiyago gito yagiranye mugenzi wacu Epimac asanzwe aremesha ikiganiro Indunsi Hit Show yamenyesheje ko ako karirimbo yagakoze kuko yagakunze, kandi yanagoberewe.

Uwo mwigeme yanavuze ko mu kugasubiramwo yasavye uruhusha iyo ntare batinya akavuze Nsavye. Ivyo bikaba biboneka gake aho basaba uruhusha mu gusubiramwo indirimbo aha iwacu.

Uwo mwigeme akaba hampande y’igikorwa c’ukuririmba asanzwe akora, akaba asanzwe aririmba mu bubare ico bakunze kwita Karaoke aha Iwacu.

11,942 total views, 0 views today

Add Comment