Scroll to Top

#indundi sports | Neymar ngo ntazi ko agiye gusubira kuronka inguvu z’ugukina umupira

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 08 Jul 2018 09:08 AM / /

Neymar inyuma y’ugusezererwa arikumwe n’abagize umurwi Wa Bresil mu nkino z’igikombe c’isi, yahavuye amenyesha ko atazi ko azohava aronka inguvu z’ukubandanya gukina.

Que Deus nos abençoe e nos proteja 🙏🏽⚽️🇧🇷

A post shared by Nj 🇧🇷 👻 neymarjr (@neymarjr) on

 

Mu gihe umurwi wa Bresil uheruka gusezererwa mu nkino z’igikombe c’isi c’umupira w’amaguru kiriko kibera Ku mugabane wa buraya, neza neza mu burusiya, Neymar yahavuye amenyesha ko atazi ko agiye gusubira kuronka inguvu z’ugusubira gukina uwo mupira wiburungushuye.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, uwo musatirizi wa Paris Saint germain, avuga ko ashimira Imana muri vyose, naho akababaro ari kose. Ariko kandi akavuga ko ugushaka gutahukana ico gikombe bikibarimwo, ngo no hanyuma harahari.

Neymar kuri Instagran ati :”Novuga ko ariwo mwanya nababaye cane muri kano kazi k’umupira, umubabaro ni mwinshi kuko twari tuzi ko dushobora kugitwara. Twari tuzi ko dufise ubushobozi ko dufise ubushibozi bwo gushika kure, tukandika amateka. Ariko vyaduciye mu myanya y’intoke. Biragoye cane gusubira kuronka inguvu z’ugukina umupira, ariko nditeye ko Imana izompa inguvu zo guhangana n’icarico cose, muri make sinzohagarika gushimira Imana no mu gihe mba ntatsize[…] Ndaryohewe cane kuba ndi umwe mu bagize uyu murwi. Baciriye hagati indoto zacu, ariko ntibazokuye mu mitwe canke mu mitima yacu.”

Uwo musore ari mu bakinyi 30 bazimvye kw’isi, niwe atungwa urutoke cane n’abakunzi b’uwo murwi wa Seleção kuko ngo atakoze ibishoboka vyose ngo ico gihugu gitsinde, abanya Bresil bakabimwagirize kuko ngo niwo munezero basigaranye nkuko ikinyamakuru Le Figaro kibishikiriza.

Uwo musore kandi akaba ari mu bakinyi bari bizwe muri Bresil, ariko akaba atabonetse ku kibuga c’indege aho bari batahutse, nkuko amakuru dukesha le Figaro abandanya avuga.

Abo basore b’uwo murwi bakaba bitezwe I DOA muri Qatar mu mwaka wa 2022, aho ikindi gikombe c’isi c’umupira w’amaguru kizobera.

9,725 total views, 0 views today

Add Comment