Scroll to Top

#indundi sports | Ububirigi bwizeye intsinzi kubera Thierry Henry

By KING YANN COOL / Published on Monday, 09 Jul 2018 03:51 AM / /

Ababirigi barizeye intsinzi mu rukino ruzobahuza n’ubufaransa, nayo umusifuzi akaba akomoka muri Uruguay, igihugu casezerewe n’ubufaransa.

Mu gihe hasigaye umusi umwe gusa ngo urukino rw’Ubufaransa n’ububirigi mu gikombe c’isi c’umupira w’amaguru ube, ababirigi batanguye kwizera intsinzi.

Mu kiyago umukinyi w’inyuma w’ububirigi, Thomas Vermaelen yagiranye na Sports.fr yamenyesheje ko abafise icizere c’ugutsinda uwo murwi w’ubufaransa. Ico cizere kikaba gihagaze ko uwahoze ari mu bakinyi bakomeye mu murwi nserukiragihugu w’ubufaransa, Thierry Henry, ari mu murwi nyobizi w’uwo murwi nserukiragihugu w’ububirigi.

Thomas yagize ari:” Sinzi nimba hari amakuru afise Ku murwi w’ubufaransa, ariko nizera ko ayafise. Ari Ku ruhande rwacu nizera ko atazokekeranya mu kuduha ayo makuru.”

Fifa nayo ikaba yamaze gushira ahabona izina ry’umusifuzi azohagarikira urwo rukino rwa mbere ry’igice ca Kabiri gishira ico nyuma c’iryo higanwa. Uwo akaba ari umunya Uruguay, Andrés Cunha, akaba ariwe yahagarikiye urukino rw’ubufaransa na Australia hamwe n’urwa Espagne na Iran.

Andrés Cunha

Mutibagiye ko ubufaransa kandi aribwo bwasezereye umurwi wa Uruguay usangiye ubwenegihugu n’uwo musifuzi w’imyaka 41.

4,199 total views, 0 views today

Add Comment