Scroll to Top

#Urwevu| Ibifungurwa vy’umushaha ni ubumenyi: Menya hano ubuhinga bw’ukuburahura!

By Indundi Staff / Published on Monday, 09 Jul 2018 05:09 AM / /
isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Nk’uko abahinga babimenyesha , hano hari ubuhinga umuntu wese ashobora gukoresha kugirango ashobore kwiga kumenya neza ibintu yifuza kumenya neza haba mw’ishure canke ibijanye n’ubundi bumenyi yironderera.

Mu rurimi w’icongereza rero ubwo buhinga bwitwa “The SQ3R Study Method” ikaba ari  impfunyapfunyo isobanura ibi bikurikira:

S: ( Survey) : Aha rero abahinga ko ikintu cose ugomba kwiga, wobanza ukagisuzuma muri rusangi. N’ukuvuga nk’akarorero, ko uheza ukabanza ukaja kwihweza neza hariya handitse urutonde rw’ibiri mu gitabo cose. Ugaheza ukavyiwheza neza, ukagira iciyumviro muri rusangi c’ibijanye n’ivyo ico gitabo kizokwigisha.

Q:Questions: Aha rero umaze kubona ukuntu uwubatse igitabo inkingi yahagazeko, uraheza ukibaza uti mbega ninaheza gusoma kino gitabo n’igiki nizera ko nzoba namenye ntahora nzi? Ufatiye kuri ivyo vyose ugomba kwiga, uraheza ukiyumviriza mu mutwe, uti nifuza ko inyuma nokura ubumenyi buno canke buriya muri kino gitabo. Kugira ubishikeko, uraheza ugaca ugira urutonde rw’ibibazo wewe nyene wibaza, wifuza ko inyuma y’uguheza kugisoma woheza ukaba woshobora kwiyishura canke kw’ishura umuntu wese akubajije.

R1: Read: Ivyo rero wabamaze kubimenya, ukaba wamaze kugira urutonde rw’ibibazo wifuza ko woshobora kwishura inyuma y’ukwiga, uraheza rero ugaca usoma witonze. Mu kiringo uriko urasoma, wibuke kugumiza agatima kuri rwa rutonde rw’ibibazo uze uraraba ko ivyo usomye harimwo inyishu yavyo. Soma uheze,maze ubumenyi bw’akamaro ubona ukuyemwo maze uvyandike ahantu. Uhejeje rero uraheza ugasubiramwo vya bibazo vyawe ukaraba ko vyose vyishuwe. Usanze bitishuwe vyose uce wibaza uti kubera iki bitishuwe vyose?

R2: Review: Aha uca ushira inguvu cane kuri burya bumenyi warahuye, ukandika impande. Aha rero niho, uheza ukongere gusoma ukaraba igituma bino canke biriya muri vya bibazo wari ufise bitoba vyishuwe vyose. Ikindi naco ni akanya k’ukuraba ko kumbure hatari ibindi bibazo utari wibajije kandi mu kiringo wariko urasoma wabonye ko bikenewe. Ubwo bumenyi rero wakuyemwo nibwo uca ushira hirya ugashirako inguvu.

R3: Recite: Aha bwa bumenyi wamaze kurahura, ukabuca hirya no hino, ukaraba ko ata gikatsi cagumyemwo, nibwo rero uheza ukabwihereza kurya umuntu yihereza umubaga canke amake mu kiringo ahejeje gukanyura imihwi. Maze mu kugira wemeze ka gatimatima ko mu bwonko bwawe uraheza rero ukabisubiramwo; ukavyivugana utarinze kubiraba, ukabisubiramwo incuro nyinshi gushika aho bishika mu nsyasya z’ubwonko maze umushaha ukemera ko bibaye ibigize ubumenyi bwawo. Gutyo uzoheza usange uriko urabigendera, navyo bikabandanya bigucisha urwevu.

5,626 total views, 0 views today

Add Comment