Scroll to Top

Ni ibiki umuntu yokwita amahirwe koko? Raba hano ivyiyumviro vyoguha umuco.

By Indundi Staff / Published on Monday, 09 Jul 2018 13:47 PM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga bamenyesha ko abantu benshi badafise ivyo bifuza kuko batazi ivyo bifuza vy’ukuri. Kimwe mu bituma abantu ngo batamenya ivyo bifuza n’uko batazi ibibarekuriwe kuronka. Vyishi bipfira mu mutwe!! Aha rero niho haza ukudahukirwa neza ku bijanye n’ico mu gifarasa bita réussite canke Sucess mu congerereza.

Kuri bamwe bibaza ngo amahirwe n’ukugira ibifaranga vyinshi. Mu gitabo canditswe n’uwitwa Brian Tracy, amenyesha kuri we ko success ari ubushobozi bw’ukubaho ubuzima uko uvyifuza, ugakora ivyo wifuje gukora, ukabikorana n’abo wewe nyene wihitiyemwo kubikorana, ukabikorera mu buryo wifuza ko bikorwamwo.

Yamara hari abandi bahinga nabo batabibona cane co kimwe nawe. Kuri bo nyabuna, amahirwe n’ubushobotsi bw’ugushobora kwama ukora ivyo vyose vyoshobora kugushikana kuco wifuza. Ni ukuvuga kuri bo, amahirwe n’ukwama na ntaryo utera intambwe igushikana kw’isonga ry’ivyo wigeneye gushikako. Kuri bo rero, ntibabona amahirwe nk’ukuba washitse, amahirwe bayabona mu maso y’intambwe umuntu atera misi yose agana ku masonga.

Aba bakabiri bamenyesha ko ,ko abibaza ko success ari ukuronka amahera canke amatunga angana kuno canke kuriya ngo baba barabishije amaso y’isi gusa. Umuntu ngo agihema aguma akeneye gutera intambwe. Ikimenyamenya n’uko ngo iyo umuntu ashingiye ku vy’isi ngo araheza agaca aba nk’uruyuki rutaye uruboyi, aca usa n’uwuhejeje.

Nyabuna ngo success ni ukuyibona mu maso y’impwemu kugirango naho woronka ayo matungo uheze wumve ko hari ibindi vyishi ugikeneye gukora mu bijanye n’ubuzima bwawe bw’impwemu.

Aha twokwibuka ko umuntu ataje kur’ino kw’isi ngo anyakure utwihwe n’abiwe aheze asubire iyo yavuye. Abasokuru barayamaze bati indya idyoha isangiwe. Uwotunga ni uwotunganirwa na cane cane akaronka ivy’atanga n’ivyo asigarana.

Ni vyiza rero ko buri muntu yomenya kandi akama azirikana ico “success” kuri we gisigura nk’uko abahinga babihanura.

5,601 total views, 0 views today

Add Comment