Scroll to Top

Diamond Platnumz yasavye imbabazi bikomeye

By KING YANN COOL / Published on Monday, 09 Jul 2018 05:27 AM / /

Diamond yasavye imbabazi, kandi asaba ko nyina atovangura abuzukuru afise naho abakazana bo atabemera bose.

Diamond platnumz n’akababaro kenshi yasavye aciye ku rubuga rwa Instagram umuvyeyi wiwe kumukundira umwana nkabandi bose.

Intandaro nuko mama wiwe, Sandra, aterekwa umwana Diamond yavyaranye na Hamissa mobeto. Uwo muvyeyi akaba atanyegeza urukundo akunda Abana ba zarinah Hassan, haba mu majambo co kimwe no mu bikorwa.

Mu majambo yanditse, yasavye imbabazi umuvyeyi wiwe kuko ngo muri iyi misi yakoze ibintu bitari bike bituma uwo umuvyeyi akorwa n’isoni. Murivyo akavugamwo ukuzana abagore benshi.

Diamond yanagiriyeko asaba uwo muvyeyi ko atovangura abuzukuru biwe 3 afise, ngo arazi ko abagore bavyaranye bose ataberekwa, ariko ngo abana ntibobizira.

Mwomenya ko gushika ubu ata mugore canke umukobwa azwi ko yoba asohokana na Diamond.

7,284 total views, 0 views today

Add Comment