Scroll to Top

Ivya Girlfriend ya Sat-b vyahindutse, ntikibonetse

By KING YANN COOL / Published on Monday, 09 Jul 2018 05:45 AM / /

Sat-b yemereye abakunzi b’ibikorwa vyiwe indirimbo izoza ikomeye kandi ibashika Ku mutima gusumba Girlfriend, kuko yo ngo yatumutse nk’ifu y’imijira.

Abari biteze akaririmbo Girlfriend ngo nibihangane kuko ntikibonetse, Ivyo Sat-b ahejeje kubivugira ku nsamirizi Rema FM.

Muri ico kiyago yagiranye na Ismail niyonkuru yamemyesheje ko ako karirimbo katagisohotse kuko ngo atakiri musi y’uburongozi bwa LEC ari nayo yamukoreye Iyo ndirimbo.

Uwo mwanditsi w’inkuru y’ukuri akaba avuga ko naho abantu bari biteze ico gikorwa gikomeye, ngo babandije bakihangana, nta nkeka ko bazohava bakabona ibindi bikorwa bikomeye gusumba.

Sat-b akaba yemeye ko ariko arategura ibikorwa bikomeye azoshira ahabona, aho akavuga ko ariko abikorana na Trust no body.

Trust no body akavuga ko iriko ikorana n’iyindi nzu yiwe yise Empire Entertainment, Iyo tukazoyigarukako hanyuma. Gusa ikizwi nuko ngo gushika ubu ata bundi burongozi,Management, yipfuza.

9,965 total views, 0 views today

Add Comment