Scroll to Top

CAN U17: Uburundi mw’itsinda rya B mu nkino z’amajonjora.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 09 Jul 2018 13:28 PM / /

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF, ryaraye rishize ahabona, amatsinda agize ihiganwa rya CECAFa ku batarenza imyaka 17, ihiganwa rizotanga akaryo ko gushika mu gikombe ca Afrika ku batarenza imyaka 17.

Ibihugu bigera kw’icumi nivyo bizoba biriko birakinira mu gihugu ca Tanzania, kuva mu ntango z’ukwezi kwa Myandagaro buca dutangura, mu ntumbero y’igikombe ca CECAFA ariko imigwi ine ya mbere ikazoronka itike y’ukuja mu gikombe ca Afrika.

Mw’itsinda rya mbere harimwo: Kenya- Uganda-  Ethiopia- Sudan y’epfo na Djibouti.

Itsinda rya kabiri: Tanzania, Rwanda, Burundi, Somalia na Soudan.

Umugwi nserukiragihugu w’Uburundi ukaba ubandanya imyimenyerezo kuva mu kwezi kwa  Ndamukiza harangiye hano mu gihugu  cacu, ihiganwa rya CECAFA y’abatarenza imyaka 17.

5,810 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment