Scroll to Top

Karim Makenzi yipfuza kuja muri Yanga Africans.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 09 Jul 2018 23:55 PM / /

Umukinyi myugariro ku ruhande rw’i buryo wa Gor Mahia, mu gihugu ca Kenya akaba afise n’ amamuko hano mu Burundi, Karim Makenzi, arifuza kuja mu gihugu ca Tanzania, mu mugwi wa Yanga Africans.

Nk’uko bishikirizwa na kimwe mu kinyamakuru co mu gisagara ca Dar es salam,  The Champion, Karim Nizigiyimana agiye kurangiza amasezerano yiwe na Gor Mahia, yamenyesheje ko yifuza gukina mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzania, ririmwo uguhiganwa kurengeje ayandi mahiganwa yo muri kano karere.

Karim Makenzi asanzwe azwi ko ari umwe mu bakinyi b’inyuma batanga imipira ivamwo ibitsindo myinshi, yashikirije ko inyuma y’ukumara ikiringo cababa umwaka, afise imvune , kano ariko kanya ko guhindura ihiganwa, umugwi wa Yanga Africans ukaba umwe mu migwi yifuza gukinira.

Tubibutse ko uno musore, inyuma y’ukuva mur Vital’o FC mu mwaka w’2006, amaze guca mu bihugu bitandukanye vyo muri kano karere, Urwanda, RDC hamwe na Kenya.

 

2,962 total views, 0 views today

Add Comment