Scroll to Top

Dj Bisoso ntabibona kumwe n’abashira abakobwa bambaye ubusa mu masanamu y’indirimbo zabo

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 10 Jul 2018 05:25 AM / /

Dj Bisoso ngo ivy’ukwerekana abakobwa bari gusa mu masanamu nta gaciro bitanga, kanatsinda ngo biranatuma imiryango imwe imwe ikwugarirako kuko hari aho udashobora kwinjira.

Photo @Igihe

Sakubu Hassan azwi cane nka Dj Bisoso avuga ko atemeranya na gato n’abashira ahabobwa bambaye ubusa mu mashusho yabo, aho akavuga ko kugira afashe abantu kubitahura, ngo hampande y’ukuba umu Dj, ngo yiteze ko mu misi iza naho azofata iya mbere mu kuba umuhinyanyuzi w’amasanamu ngo azoze arahanura abo ariko arakorera.

Mu kiyago yagiranye n’ikinyamakuru Igihe co mu Rwanda, uwo munya Gitega abarizwa mu Rwanda avuga ko ata gaciro biha buri muntu abikora, kanatsinda ngo hari n’imiryango yugarika kubera ayo mashusho atari meza. Aho agatanga akarorero ko nkaho akorera, RTV (Imboneshakure y’igihugu c”urwanda), adashobora kuzivuza naho yoba iryoshe gute ariko ifisemwo ayo mashusho mabi nkayo.

Kubwiwe akabona ko icoshirwa muri ayo masanamu, ari abantu bari ku kivi, abantu bariko barakorera neza igihugu. S’ivyo gusa, kuko abona ko n’ibibanza bihesha icubahiro igihugu navyo vyari bikwiye gushirwa muri ayo masanamu. Ivyo akabivuga yisunze ko ngo abayabona baheza bakagendera vya bibanza baba babonye mu masanamu.

Mwomenya ko Dj Bisoso ari umwe mu barundi bakora ibikora inka i Kigali mu Rwanda, akaba kandi ari mu basanzwe bashigikira umuziki ndundi mu kwerekana amasanamu y’indirimbo z’abarundi kuri iyo mboneshakure.

4,072 total views, 0 views today

Add Comment