Scroll to Top

Apollinaire agiye gusubira guteramisha abari mu Rwanda

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 10 Jul 2018 06:34 AM / /

Apotre Appolinaire agiye gusubira kandi i Kigali mu Rwanda mu giteramo yatumiwemwo, ico giteramo akaba azogikorera muri Serena Hotel. 

Amakuru dukesha ikinyamakuru Inyarwanda co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, uwo muririmvyi ari mu gitigiri c’abatumiwe mu giteramo kizoba muri uku kwezi kw’8, ico giteramo akazoba ari igiteramo atumiwemwo na mugenziwe Yamuremye Serge nawe asanzwe aririmba indirimbo zihimbaza Imana.

 

Ico giteramo kizoba kw’igenekerezo rya 26 gitugutu, kikaba ciswe One Spirit. Nkuko amakuru dukesha urwo rubuga nyene abandanya abishikiriza, ngo ico giteramo kizoba ari ico gushira ahabona urukurikirane rw’uwo muririmvyi rwiswe Biramvura.

Mwomenya ko uwo muririmvyi Appolinaire co kimwe na bagenziwe nka Fortran, Dudu niyukuri, Fabrice n’abandi batari bake b’abarundi bari muri bake bakunzwe canke muri ico gihugu.

5,919 total views, 0 views today

Add Comment