Scroll to Top

Kigingi Summer Comedy iza mu kibanza c’imbere mu biteramo vya Comedy vyitabirwa cane

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 10 Jul 2018 07:06 AM / /

Hampande y’ukwipfuza ko Kigingi Summer Comedy yotera imbere, hakazoza hatumirwa n’abavuye kure gose, Kigingi yemeza ko ubu ico giteramo ca Comedy giharurwa mu bikunzwe canke muri afrika y’ubuseruko.

Mu gihe kigingi akiri mu myiteguro idasanzwe y’ugukora ibiteramo bitari bike aha mu gisagara ca Bujumbura co kimwe no hagati mu gihugu, uwo musore asanzwe atwenza abantu avuga ko Uburundi buza imbere mu gukunda Comedy akurikije ibiteramo amaze kwitabira.

Mu kiyago aheruka kugira na bagenzi bacu, avuga ko aravye ibiteramo vyose amaze gutumirwamwo ngo ari hake abantu bitabira nkuko basanzwe bitabira muri Kigingi Summer Comedy. Aho akavuga ko abaza aha iwacu muri ico giteramo gisanzwe kiba buri mwaka haraheze imyaka 3, ngo baharurwa mu bihumbi.

Mukibuka ko Kigingi yahereye ico gikorwa ca Kigingi Summer Comedy mu gihugu ca Ethiopie aho yari yatumiwe n’abarundi basanzwe babayo, hari ku musi wa gatandatu. Nayo igikorwa nyezina kizoba kirimwo ibihangange bitandukanye muri afrika y’ubuseruko mu gutwenza, kizobera muri Saint Tropez, kw’igenekerezo rya 11/08.

7,791 total views, 0 views today

Add Comment