Scroll to Top

Umugore wa Alikiba yoba yariko agerageza kunyegeza inda afise

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 10 Jul 2018 08:06 AM / /

Umutambukanyi wa Alikiba ngo yoba yari yagerageje kunyegeza imbanyi afise, ariko impuzu yari yambaye ntiyamukundira.

Mu gihe Alikiba yariko yifuriza isabukuru nziza imwe mu ncuti ziwe, abakunzi b’ibikorwa vyiwe basanzwe bamukurikirana ku rubuga rwa Instagram, barenga imiliyoni 2, babonye ibindi kw’ishusho yakoresheje arikumwe n’umutambukanyi wiwe.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Tuko co mu gihugu ca Kenya iyo uwo mutambukanyi wa Alikiba akomoka, avuga ko uwo mukunzi wa Alikiba ngo yoba yibungenze, ivyo bikaba vyabonetse kubera ukuboko uwo mugore yari yashize ku nda aho bifotoza.

Kuri iyo foto ibonekako n’abandi bagenzi ba Alikiba 2, ico kinyamakuru cemeza ko uwo mugore impuzu yari yambaye ngo yashaka kunyegeza iyo nda, ariko ntivyakunda kuko ngo n’ubundi ibandanya iboneka.

Ivyo bikaba biriko bivurwa mu gihe bamaze amezi 3 gusa yagize ubugeni, aho hakaba hari mu kwezi kwa 4 aho bari bahagatiwe n’isinzi ry’abantu.

 

7,592 total views, 0 views today

Add Comment