Scroll to Top

Masudi Djuma ngo yifuza abakinyi 27 gusa muri Simba.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 11 Jul 2018 06:14 AM / /

Mu gihe umugwi wa Simba Sports Club wo mu gisagara ca Dar es Salam wamaze gutangura imyimenyerezo y’ihiganwa ry’umwaka uza, umumenyereza mukuru wawo, Irambona Masudi Djuma aramenyesha ko yifuza kugumana abakinyi 27 gusa.

Aganira n’ikinyamakuru ca The Champion co muri Tanzania, amenyesha ko bamaze guheza kugura abakinyi : Adam Salamba, Mohammed Rashid, Meddie Kagere, Abdul Mohammed, Marcel Boniventure na Pascal Wawa.

Arashikiriza ko atakamaro ko kugumana abakinyi 30, mu gihe haba harimwo abadafise ikibanza c’ugukina:” Simbona ko vyoba vyiza kubandanya dufise abakinyi bafise amasezerano kandi badakina. Nivyiza rero ko bamwe twobatiza mu yindi migwi , ha kubandanya  bicara badakinishwa.”

Masudi Djuma akaba yahawe amabanga y’ukumenyereza Simba Sports Club kuva mu kwezi kwa Ruheshi guheze asubiriye umufaransa Pierre Lechantre

3,411 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment