Scroll to Top

Ukuri kw’iguma rya Bestlife muri Uganda kwamenyekanye

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 11 Jul 2018 06:37 AM / /

Ukuguma kwa Best Life music mu gihugu c’Ubugande ngo ntivyakozwe n’abavurwa ko boba bari bafitiwe amadeni, ahubwo hari mu nzira z’imyiteguro y’igikorwa gishasha.

Mu gihe bari ku mboneshakure Record Tv muri Uganda

Mu gihe basa n’abari mu gacerere mu gisagara ca Kampala, abaririmvyi bagize umurwi Best life bahavuye bavurwako uguhagarikirwa ivyangombwa n’abavurwa ko boba bari bafitiwe amadeni n’abo basore muri ico gihugu.

Iyo nkuru yahavuye ibeshuzwa na Kentp, asanzwe akurikiranira hagufi vyabo, ubwiwe mu kiyago aheruka kugirana na Indundi magazine. Isobanuro yatanze yavuga ko abo basore batagarutse i Bujumbura kubera bahagaritswe, ahubwo ngo hari imyiteguro bariko barakora kugira bikunde ibikorwa vyabo bibashe kubandanya bikura.

Muri iyo myitegura hakaba harimwo indirimbo bariko barakora, ariko kubera urugendo rwari guhava ruba rurerure bashima kugumayo ngo bikunde barindire uwo bazokorana. Uwo nawe ngo akaba atari hagufi kuko yari mu rugendo.

Iyo ndirimbo avuga yari iriko irakorwa ikaba ari True Love bakoranye na Naiboi afadikanije na ILogos ari nawe yayikoze. iyo ikaba yashizwe ahabona kuri uyu wa 9 mukakaro kuri imwe mu mbuga ngurukanabumenyi za Youtube basanzwe bakoresha.

Uwusanzwe atanga amakuru muri uwo murwi akaba nawe aganira n’insamirizi Umuco Fm, yamenyesheje ko ikinyamakuru Sqoop canditse irya nkuru cabikoze ngo cironkere abasomyi. Yongerako ko kubona uwo murwi uriko witwara neza muri ico gisagara ca Kampala ngo ni imwe mu mvo zabatumye bashima kubikora kugira biyegereze abarundi basanzwe bahaba.

8,623 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment