Scroll to Top

Agacerere Elly’s Boy yahoramwo, kazovamwo indirimbo isumba “Siwezi”

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 11 Jul 2018 08:32 AM / /

Elly’s boy ngo ntazokorana na Big Fizzo indirimbo 1 gusa, ahubwo yakoranye nawe indirimbo 2. Navyo akabitangira insiguro.

Uwuri mu gacerere ngo ntaba yahagaritse ibikorwa, ahubwo ngo aba ariko yitegura bihagije ngo bikunde igikorwa kindi gikurikira kize gisumba ibindi. Ivyo biheruka gushikirizwa na Elly’s boy mu kiyago yagiranye na mugenziwacu aremesha ikiganiro Indundi Hit show.

Muri ico kiyago, uwo muririmvyi avuga ko yategerezwa kwitonda ngo bikunde yandike indirimbo iruta Siwezi, indirimbo imaze igihe ikunzwe, ngo nayahandi kwoba ari ugusubira inyuma.

Muri ako gacerere nkuko twari twabibamenyesheje ko hari ico ariko arategura gushira ahabona, avuga ko atakoranye na Big Fizzo indirimbo 1 gusa, ahubwo ngo bakoranye indirimbo 2 kandi zose zizoshirirwa ahabona rimwe. Izo akavuga ko zizoba zifise imidiho itandukanye. Hazobamwo uwuzoba uryohera abakiri bato bakunda ibishushe, eka ngo n’uwuzoshika ku nyota abahumure.

Elly’s Boy akaba yarangije ico kiyago avuga ko ngo amasanamu y’izo ndirimbo azokorwa na Bantu bwoy bashigikiwe na Andylairs muri Technology Films. Ikibazo c’uburyo ngo caramaze gukemuka, hasigaye ko baja hamwe ngo bashire ahabona ivyo gikorwa.

10,427 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment