Scroll to Top

Cristiano Ronaldo ngo ntavuye muri Real Madrid ku gushake kwiwe, arirukanywe

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 11 Jul 2018 09:36 AM / /

Ugusezera kwa Cristiano muri Real Madrid akerekeza muri Juventus de Turin mu butariyano, ngo vyoba bitamuvuyeko, ahubwo ari ukumwegeza hirya kuko yaranagize igihe yidogera amasezerano afitanye n’uwo murwi wa Real Madrid.

Ikinjura rya Cristiano Ronaldo muri Real Madrid ngo ribonwa ukutariko nkuko ikinyamakuru France Football kibishikiriza. Uwo musore w’imyaka 33 ngo yoba akinjuye atari ku bushake bwiwe ahubwo ngo aruko yegejwe hirya y’uwo murwi n’uburongozi bwo hejuru bw’uwo murwi.

Amakuru dukesha ico kinyamakuru avuga ko uwo mukinyi yaramaze imyaka 9 muri urwo murwi wa Real madrid, yoba taracumvikana n’uwurongoye uwo murwi muri kino gihe, Florentino Perez. Ico bapfa ico kinyamakuru kimenyesha ko Cristiano yoba yaragize igihe akoma akaruru asaba kuronka Contrat imubereye ariko ngo bakamuraba irarira.

Agacerere kahavuye kavamwo umwidogo ukomeye waumviswe na bamwe bamwe, ico kinyamakuru France Football kivuga ko uwo mukinyi ngo yoba yahora avugira hejuru ko uwo murongozi atamukunda.  Hampande y’amasezerano amubereye kubera ivy’akora mu kibuga, uwo mukinyi ngo yoba yaranasaba ko agashahara koduga, nawe akarabwa ryiza nka Lionel Messi.

Uwo musore amaze gutahukana Ballon d’or incuro 5 ngo arafise ibitari bike azokora muri uwo murwi mushasha wa Juventus de turin agiyemwo. Ico kinyamakuru France Football kikavuga nk’ugutwara Uwo mupira w’inzahabu irigira 6, ugusubira kandi gutwara Champions league, mbere n’ukuba umukinyi wa mbere yinjije ibitsindo vyinshi kuri ico kibuga ca Juventus Stadium.

Mukamenya ko Cristiano agiye gushira umukono ku masezerano y’imyaka 4 n’uwo murwi, agashahara kiwe kakaba gaharurwa mu miliyoni 30 z’amafaranga y’amanyaburaya, yababa imiliyaridi 90 z’amafaranga y’amarundi, mu myaka ine akazoba ahembwe ayarenga imiliyaridi 360 z’amafaranga ya hano iwacu.

8,571 total views, 0 views today

Add Comment