Scroll to Top

Nyanza-Lac : Umugwi CNTB uridogerwa n’abasangwa

By Julien Barinzigo / Published on Thursday, 12 Jul 2018 03:16 AM / /

”Iyo CNTB ikora neza ntihengame nkuko biguma vyibonekeza ahatari hake. None umengo baje guca imanza canke bariko bumvikanisha”, umusangwa wo ku mugwa mukuru wa Komine Nyanza-Lac.

Abasangwa bo muri Komine Nyanza-Lac baganiriye n’ikinyamakuru Indundi Magazine mugabo batashatse ko amazina yabo amenyekana baremeza ko abagize umugwi w’igihugu ujejwe amatongo n’ayandi matungo, CNTB  bamwe muri bumvikanisha kandi ko baca n’imanza kuko ngo barafise sentare na y’iyungururizo.

Abandi nabo bemeza ko umugwi CNTB iri mu bituma amacakubiri kuko  ngo niyo yateye amanyama abahungutse bituma banka aho bahawe ubwmbere. Ngo  ubu henshi n’umuriro.Abahoze batwara mu mazone amwe amwe ya komin Nyanza-Lac bokwikebuka kuko bivugwako bakoresha amanama mu kinyegero yo gufata amatongo atari rwabo.

Ngo urasanga  icabona afise aha nico atwaye hariya.Batanga akarorero ko ku mutumba Kabo harabo birukanye bazana bituma havyuka imanza  ubu zigize muri sentare y’iyungururizo.

Umwe mu baganiriye na Indundi Magazine ati: ”Abahungutse bafise ishirahamwe ryo kwigarurira amatongo n’ayatari ayabo kuko CNTB umusangwa ntajambo imuha imbere yabo. Abarongozi nabo  baraho barahoze nkuko umenga nta nzu iriko irasha”

Haribo uwitwariye abantu cenda avuga ko itongo ari gwiwe! Acasanga Hariho uwitwaye kera kuva 1992.s Se w’uwo yitwaye ubu yari icabona c’uwari yitwaye ubwambere. Hama icabona uyo yitwaye  ubu nawe nyene se yari icabona c’uwitwaye kera.

Umuntu yokwibuka ko kw’igenekerezo rya 26 ruhuhuma umwaka w’2015, abanyagihugu bo ku mitumba ya Kiderege na Buheka bagize imyiyerekano y’umusi wose biyamiriza ingingo zari zafashwe n’umugwi CNTB.

 

 

6,578 total views, 0 views today

Add Comment