Scroll to Top

#Urwevu| Ukurandurana imizi inzitizi. Menya umwansi iyo ava!

By Indundi Staff / Published on Thursday, 12 Jul 2018 09:19 AM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Imbere y’ukurandurana imizi inzitizi zoshe zishoboka, ni vyiza ko tubanza tugaca urwevu tukamenya uko inzitizi zacu zitunyengetera tugasanga nizo zidutwara aho ari twebwe twozitwaye. Muramaze kumenya neza ko mu bwonko bw’umuntu hagizwe n’uduce tunyuranye. Kamwe ni aka kadufasha gukeresha ubwenge, aka kadutuma twiyumvira gukora kino canke kiriye bivanye n’ubushake bwacu. ( Conscious mind ou la partie consciente).

Akandi nako ni agatimatima kari mu bwonko nyene abahinga bita subconcient( subconscious mind) akaba rero ngo ariko kameze nka kabitsemwo amabanga y’ibitugize, aka kandi akaba ariko gakoresha ibivyose bituriko yamara tukabona bitubako yamara ata bwenge dukoresheje. ( Nka digestion, itera ry’umutima, ika n’urundi ruhojojo rw’ibintu vyishi biriko biranyuragirikana mu muri wewe yamara utanazi).

Akandi gahimba abahinga bavuga rero bakita ” Super mind” ako nako rero ngo akaba koko kari ku rwego ruhanitse rwo hejuru , aho bivugwa ko ariko gakorana n’IMANA Rugiravyose. Ngo niko gaheza kagashikana ivyacu mu buryo bw’impwemu maze bigaheza bikaza kutubako bikama kurya kw’ivyamwa vyama ku giti.

Abahinga rero bavuga ko vyosse iyo biva bikagera biva muri ako gahande Consciente , aka gakoresha ubwenge bamaze bigaheza bikaja muri Subconscient nayo ikabishikana iyo bija bigaheza bikatugarukako bikatugira ico turi uwu  musi.

Utwo duhande tubiri two mu ntimatima rero twotwo ngo twakira ivyo tudushikirije kuva umuntu atanguye kwiyumvira maze tugaheza tugakoresha ubuhinga bwatwo kugira habe ibintu bijanye n’ivyiyumviro vyacu.

Inzitizi rero zacu zishinze mu mizi , muri ako gatimatima ( Subconscious). Niho natwe nyene mu kugira tuzirandurane n’imizi dutegerezwa gukoresha ubuhinga bunyuranye kugira ngo duhindure ibiri muri ako gatimatima, maze bimaze guhinduka duheze dushiremwo ” programmes dushaka gutyo duheze dutangure kubona ubuzima bwacu bufashe umurongo twifuza.

ABASOKURU BAVUGA NGO IZIZA GUHONA ZIHERA MU RUHUNGORE. IBIDUHANZE NI  IBITURIMWO!

Gutyo tuzoba tubiranduranye n’imizi.

5,521 total views, 0 views today

Add Comment