Scroll to Top

Abakunzi b’ibikorwa vya Vichou Peace and Love bitege igikorwa yakoranye na Lady Jaydeee

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 12 Jul 2018 10:03 AM / /

Vianney Vichou ngo akaririmbo yakoranye na Lady jaydee kazoshirwa ahabona, bikunze, mu kwezi kw’umunani.

Mu kwezi kw’umunani hari akaririmbo ka Vianney Vichou ngo kazoja ahabna, ako kakazoba ari ako yakoranye na Lady jaydee. Ako nako ngo bakaba bakise “ku gatumba”, nkuko amakuru dukesha umusahirizi wiwe, Happy Famba, abishikiriza.

Twashatse kumenya nimba hari utundi turirimbo twoba turiko turategurwa hampande yako. Yishuye ko ako kamaze kurangira n’amasanamu aza yamaze kuboneka ariko ngo barindiriye akanya keza ngo kaje ahabona. Yongerako ko atari ako gusa, kuko ako ariko gashasha kiwe gaheruka gukorwa, ariko ngo hari hasanzwe hari utundi tukibitse ariko tutarashirwa ahabona.

Imwe mu mashusho azobonekamwo

 

Nayo igituma ariko kazoshirw ahabona  ubwa mbere, ngo nuko uwo munyatanzaniyakazi yagashimye ngo yashaka we nyene kuzokimenyekanishiriza. Vianney akaba azoba yiyongereye mu gitigiri c’abamaze gukorana na Jaydee, nka Big Fizzo, Mu mwanya yamaze i Bujumbura.

Mukibuka ko akaririmbo ka Vianney kanyuma kari akaririmbo urukanywa, yashiriye ahabona amasanamu haraheze indwi imwe gusa.

 

5,744 total views, 0 views today

Add Comment