Scroll to Top

Hasabwe yegereyege ngo hiyamirizwe igurwa rya Cristiano Ronaldo

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 12 Jul 2018 10:23 AM / /

Cristiano Ronaldo yatanguye kwiyamirizwa n’abakozi nkawe kuko ngo agiye guhumbwa umurengera kandi nabo batubitse uwavubi, bakabona ko harimwo akarenganyo muri ako gahembo agiye guhabwa.

Cristiano Ronaldo yatanguye kwiyamirizwa na bamwe mubatariyano kandi ataranatangura gukina nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru c’abanyamerika Bloomberg abishikiriza.

Uwo mukinyi agiye gukina mw’ihiganwa ry’abataliyano mu murwi Juventus, yatanguye kwiyamirizwa n’abakozi b’amashirahamwe abiri asanzwe akora imiduga muri ico gihugu, Fiat na Ferari.Amashirahamwe y’abo bakozi akaba yasavye abakozi kugira yegereyegere kugira yiyamirize iyo ngingo yafashwe.

Imvo n’imvano ngo n’amafaranga y’umurengera agiye gutangwa kubera uwo muntu umwe ngo kandi abakozi b’ayo mashirahamwe batubitse uwavubi. Abo bakozi bakabona ko ayo mamiliyoni y’amafaranga y’amanyaburaya ngo bari kuyashira mu gukora imiduga yindi yakondwa gusumba, nayo bakahatorera akoyoko.

Ariko naho biruko ayo makuru abandanya avuga ko abahinga bavuga ko iryo shirahamwe Fiat risanzwe rifise Logos ku mpuzu za Juventus ngo rishobora kumenyekana birushirije kubera uwo mukinyi yinjiye muri uwo murwi.

Uwo mukinyi aheruka kugurwa ayarenga imiliyoni 100 z’amanyaburaya, angana imiliyaridi zirenga 300 z’amarundi,  ngo yiyamirijwe cane kuko umuryango wa Agnelli usanzwe utwara uwo murwi haraheze imyaka 90, ngo ni nawo usanzwe ufise iryo hinguriro ry’amamodoka ya Ferarri na Fiat muri ico gihugu ca Italie, ngo nawe n’umukozi mu bandi.

Abo bakozi bakabona ko uwo mukozi umwe w’uwo muryango ngo atarakwiye gushira guhembwa amafaranga y’umurengera kandi abandi batubitse umukanda.

4,666 total views, 0 views today

Add Comment