Scroll to Top

Ukuri ku rukurukuru rw’iyirukanwa rya Mavoko muri Wasafi

By KING YANN COOL / Published on Friday, 13 Jul 2018 03:32 AM / /

Inyuma y’ukutaboneka kwiwe mu mashusho yerekana Reality show ya WCB izosohoka, abantu batanguye kwibaza ko uwo muririmvyi yoba yirukanywe muri uwo murwi.

Mu gihe hari urukurukuru ko umuririmvyi Rich Mavoko yoba yarirukanywe muri Label ya WCB, ikinyamakuru co muri Tanzania cashatse kumenya nimba ar’ukuri, kirondera Babu Tale iyari nmu rugendo rw’akazi muri leta zunze ubumwe za amerika ngo atange umuco.

Intandaro ngo kwoba ar’uko uwo muririmvyi yoba atabonetse muri Video imenyekanisha Reality Show yabo, iyo ikaba yashizwe ahabona na Diamond Platnumz. Iyo ikaba itavyuye ico kibazo gusa, kuko hanajemwo ivy’umwana Diamond yavyaranye na Hamissa Mobeto nawe nyene atabashije kubonekamwo nawe.

Babu Tale, iyari muri amerika, akaba yabwiye ico kinyamukuru ko ngo uwo muririmvyi akiri muri WCB ahubwo ngo igihe hafatwa amasanamu y’imenyekanisha ry’ico kiganiro ngo uwo muririmvyi yari Morogoro iyavuka ku maziko ya mushikiwe aheruka kubura.

Naho biruko, Mavoko ngo yoba yaranse kugira ico avuze kuri ayo makuru yavurwa, anasaba Management yiwe ko ngo batogira ico bashikirije kuri ayo makuru.

 

2,423 total views, 0 views today

Add Comment