Scroll to Top

Miss Erica yidoga avuga ko asa n’umwana umuryango watereranye

By KING YANN COOL / Published on Friday, 13 Jul 2018 04:17 AM / /

Miss Erica avuga ko asa n’umwana umuryango watereranye, ariko agasaba abakunzi b’ibikorwa vyiwe kudacika intege ngo uko bizogenda kwose imbere ngo ni heza.

Inyuma ya Sat-b kumenyesha ko akaririmbo kiwe abakunzi bari barindiranye igishika cinshi katagisohotse, umuririmvyikazi Miss Erica nawe yamenyesheje ko amasanamu y’akaririmbo Mon Amour ashobora kuboneka canke ntaboneke.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp, umuririmvyi Miss Erica yanditse ko asa n’umwana umuryango wataye, aca agirako amenyesha ko abakunzi b’ibikorwa vyiwe bokwihanga kuko amasanamu ya Mon Amour ashobora kuboneka canke ntaboneke.

“Ndashobora kuba meze nk’umwana umwe umuryango watereranywe! Gusa abakunzi banje ntiducike intege uko byagenda kose imbere ni heza. #Video ya Mon AMour irashobora kuboneka canke ntiboneke Gusa ntiducike intege”

Mukibuka ko uwo mwigeme ari musi y’uburongozi bwa Label y’abagande yitwa Kiwundo, ikaba imaze kumukorera uturirimbo dutandukanye turimwo Mon AMour, Impamvu  na Give me  Love.

5,249 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment