Scroll to Top

Bobona ati inyuma ya Martina hakurikiyeho Vichou

By KING YANN COOL / Published on Friday, 13 Jul 2018 04:39 AM / /

Bobona na Vichou ngo bagiye gushira ahabona akaririmbo, Bobona agasaba abakunzi biwe kubandanya baguma hagufi yiwe.

Mu gihe abarizwa i Bujumbura, umuririmvyi Bobona asanzwe akorera ibikorwa vya misi yose mu butariyano ngo ariko arahinyanyurisha kwa Amir Pro akaririmbo arikumwe n’igihangange mu muziki aha iwacu, uwo nawe akaba asanzwe anamukundira uturirimbo.

Uwo avurwa s’uyundi ni Vichou nkuko yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Facebook co kimwe na Instagram ku musi w’ejo, igenekerezo rya 12 mukakaro. Uwo muririmvyi akaba yaciye anagirako amemyesha abakunzi b’ibikorwa vyiwe kubandanya bari maso kuko igiye gushirwa ahabona.

Ikitaramenyekana n’uko boba bategura kuyishira ahabona n’amasanamu yayo nkuko yabikoze kuri Inyishu yakoranye n’umuririmvyikazi w’umutariyanokazi Martina, ari nayo aheruka gushira ahabona.

7,793 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment