Scroll to Top

Inyuma ya Big Fizzo, Bantu bwoy Ent igiye gusohora akaririmbo ka Double jay

By KING YANN COOL / Published on Friday, 13 Jul 2018 05:01 AM / /

Inyuma ya Big Fizzo, The Bantu bwoy Ent bagiye gushira ahabona akaririmbo gashasha k’umuririmvyi Double jay, Kiswe uri Special.

Inyuma y’igihe hari agacerere ku ruhande rw’umunyagitega, Double Jay, abarizwa muri The Bantu bwoy ent, igishasha ngo buca gishirwa ahabona.

Abicishije ku mbugangurukanbumenyi asanzwe akoresha, uwo mwanditsi w’uturirimbo nka “Mpa akanya,  Mbe Nivyo, Ntacike n’utundi” yashize ahabona urupapuro ndangagitermao aho amenyesha ko kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 15 mukakaro, akaririmbo kiwe gashasha karindiranywe igishika cinshi buca gashirwa ahabona.

Ako karirimbo kakaba kabaye aka mbere ashize ahabona inyuma yaho yinjiriye muri Label ya Big Fizzo, The Bantu bwoy Ent. Kakaba kazoba kari ku rubuga rwa Youtube rw’uwo muririmvyi igihe c’isaha zitatu z’ijoro nkuko urwo rupapuro ruvyerekana.

14,039 total views, 0 views today

Add Comment