Scroll to Top

Diamond yikoze mu gahogo akorana n’umunyamerikakazi Miri Ben-ari

By KING YANN COOL / Published on Friday, 13 Jul 2018 05:16 AM / /

Akandi karirimbo ka Diamond kashizwe ahabona, ako akaba yakise Baila, agakorana n’umunyamerikakazi Miri ben-ari.

Mu gihe Diamond Platnumz abarizwa muri leta zunze ubumwe za amerika muri kino gihe, uwo muririmvyi yashize ahabona akaririmbo kiwe gashasha, ako akaba yakise Baila.

Ako karirimbo kari mu rurimi rw’igiswahiri yagakoranye n’umwigeme w’umunyamerikakazi Miri Ben-ari asanzwe avuga igicurarangisho ca Violon. Mu kiringo c’amasaha adashika 15 gashizwe ahabona ku rubuga rwiwe rwa Youtube, ako karirimbo kamaze kurabwa incuro zirenga 300.000.

18,066 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment