Scroll to Top

AZAM FC yatahukanye igikombe ca CECAFA Kagame Cup 2018.

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 13 Jul 2018 13:49 PM / /

Umugwi wa AZAM FC uraye utahukanye igikombe ca CECAFA Kagame Cup, utsinze Simba Sports Club, ku bitsindo bibiri kuri kimwe (2-1), urukino rwa nyuma rwabereye ku kibuga ca Uwanja wa Taifa, mu gisagara ca Dar es Salam.

Ku bitsindo vyatsinzwe ku ruhande rwa AZAM FC na Morris Ambroce  (80)na Iddi Shilunda (33′), mu gihe igitsindo kimwe ca Simba Sports Club catsinzwe na Medi Kagere aherutse kuja muri uyo mugwi wvuye muri GorMahia.

Urwo rukino rukaba rwahagarikiwwe n’umuhagarikizi w’umurundi Thierry Nkurunziza.

Mwokwibuka ko Uburundi uri izo nkino bwari bwaserukiwe na LLBS4A ariko ikaba itashoboye gushika kure, ikaba yaviriyemwo mu gice c’amatsinda.

16,959 total views, 0 views today

Add Comment