Scroll to Top

Diamond League: Francine mu kibanza ca mbere i Rabat muri Maroc.

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 13 Jul 2018 14:35 PM / /

Mu rukurikirane rw’amahiganwa asanzwe atunganywa n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ukwinonora imitsi IAAF, ihiganwa rya Diamond League, kuri uno wa gatanu, ryari rigize mu gice caryo c’umunani, rikaba ryabereye muri Afrika.

Ku mwanya ungana na 1’57”90”’ niwo umunonotsikazi Francine Niyonsaba yashoboye gukora, akurikirwa na Natoya Goule ava mu gihugu ca Jamaique akoze umwanya ungana na 1’58”33”’, hakurikira Rababe Arafi ava muri Maroc numwanya ungana 1’58”84”’.

Mwomenya ko n’ihiganwa riheruka kubera mu gisagara ca Lausanne mu gihugu ca Suisse mu mpera z’indwi ihez, Niyonsaba yashoboye kuja mu kibanza ca mbere.

16,998 total views, 0 views today

Add Comment