Scroll to Top

Uruhagarara mu bagore ba Diamond rwasubiye kureta

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 15 Jul 2018 07:05 AM / /

 

Rwasubiruye guhagarara mu bagore ba Diamond, zari na Hamissa. Aho umwe yakose mu jisho mugenziwe mu kumukina kumuvyimba, amubwira ko Diamond yamwihakanye.

Akoresheje urubuga rwa Instagram, Diamond yamenyesheje ko umusi azoronka uwo bosubira gufatanya urugendo rw’urukundo, ngo nta kajambo azomubwira ahubwo azomwumvisha akaririmbo Baila, aheruka gusohora.

Muri make, bivanye n’ivyo nigiye mu bucuti mpitiyemwo, umusi nzohura n’umukobwa mushasha nzipfuza kuba kumwe nawe, imbere y’ugutangura urwo rugendo sinzomubwira ijambo, ahubwo nzomwumvisha iyi ndirimbo Baila.

Ayo majambo Zari ayakubise ijisho, yaciye nawe yandika Ku rubuga rwa Snapchat abwira Diamond, ariko vyukuri yariko abwira Hamissa Mobeto.

Mu majambo make yasabiye Hamissa ko basi Diamond yomwemera n’indwi imwe gusa, kuko ngo aguma amenyesha abantu bose ko hari ubucuti basangiye, ariko none ngo aramwihakanye izuva riva.

Mukamenya ko ubucuti bwaba bagore bwatanguye kumera nabi cane kuva aho Diamond avyariye umwana kuri Hamissa kandi vyitwa ko ari mu rukundo na Zari.

9,587 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment