;
Scroll to Top

Umunezero ni wose muri Fondation Femi kubera umwigeme Bernice

By KING YANN COOL / Published on Monday, 23 Jul 2018 17:15 PM / No Comments / 608 views

Umunezero ni wose muri Fondation Femi de j’abbat kuba umwe mu bagize uwo muryango akaba n’uwuserukira uwo muryango munini I Karusi, Bernice, yatahukanye ikibanza ca 3 mw’ihiganwa ryateguwe n’abagize Diaspora Burundi.

Nkuko amakuru dukesha abagize uwo muryango, Nsengiyumva Minani akaba yashimiye ababashije gushigikira uwo mwigeme, kuko kuba yaronse intsinzi ngo n’iteka Ku muryango wose. Ngo aravye ingoga bafise nta nkeka ibintu bizobandanya bitera bija imbere.

Mukamenya ko uwo murwi waserukiwe n’abatari bake barimwo uwusanzwe awurongoye muri iyo ndwi yahariwe Diaspora y’abarundi. Bakaba buca baronka akaryo ko kuzosigura imbere y’abazoba bahari kuri Zion Beach Ku musi w’ejo imigambi bafise muri uwo muryango.

6,856 total views, 0 views today