;
Scroll to Top

Dady Face azanywe i Bujumbura n’ukuraba umuryango, n’ibikorwa vy’umuziki

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 24 Jul 2018 09:40 AM / No Comments / 580 views

Na Dady face yashitse i Bujumbura, aho asanze abarundi batari bake baje bava mu mahanga, ariko mu bimuzanye, hakaba harimwo n’ivy’akazi kajanye n’umuziki.

Mu gihe uno musi ariho hatanguye indwi yahariwe Diaspora hano i Bujumbura itangujwe na Nyakubahwa umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, abarundi baba mu mahanga babandanya bashika ku bwinshi. 

Inyuma y’abasanzwe baserukira amashirahamwe y’abarundi baba mu mahanga, umuririmvyi dady Face nawe uno musi wa kabiri yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura, uwo akaba ngo azanywe n’ibikorwa bitandukanye birimwo n’ukuramutsa abagenzi incuti n’umuryango yasize kandi yarakumbuye.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, uwo mwanditsi w’uturirimbo dutandukanye turimwo Umebadilika aho avuga umwigeme yashikanye mu mahanga agaca amuhinduka, yavuze ko mu bimuzanye harimwo n’ugushira ahabona akaririmbo yakoranye n’umuririmvyi w’umu Tanzania Chris Bella.

Mukamenya ko uwo muririmvyi asanzwe abarizwa muri leta zunze ubumwe za amerika, aho yisumamwo kandi afitiye n’umukunzi bazorushinga, kuko aheruka n’ukumusaba. Akaba azwi mu turirimbo dutandukanye turimwo n’utwakunzwe aha iwacu nka Marry, Forever, Wanaume n’utundi.

Natacha ati : “Abavyeyi nibo batera ibibazo abana babo kuko babankira gukoresha ingabire zabo”

10,002 total views, 0 views today