Scroll to Top

Mu karirimbo Nduwawe, Lolilo agaruka kuvy’ugutandukana

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 25 Jul 2018 08:16 AM / /

Mu gihe hakirindiriwe amasanamu y’akaririmbo Nduwawe ka Lolilo, uwo muririmvyi yabaye arashira ahabona amajwi yako, anamenyesha igihe amasanamu azosohokera.

Amajwi y’akaririmbo gashasha lolilo buca ashira ahabona yamaze kuja ahabona. Ako karirimbo kakaba kashizwe ku rubuga rwa Youtube rw’uwo muririmvyi mu gatondo ko kuri uyu wa 3 igenekerezo rya 25 mukakaro.

Amasanamu yako karirimbo azobonekamwo ubugeni bwiwe na Loliane kakaba kiswe Nduwawe. Muriko uwo muririmvyi akaba ku butumwa bw’urukundo aho avuga ko naho babateranya ngo ataco bizomara.

Ntaco mbona nokora,¬†ntaco mbona noguha,¬† bakora ijoro n’umutaka, bagaca mu nzira zose bikanka, ico bashaka nuko twokwankana.” Ayo akaba ari amwe mu majambo yumvikana muri iyo ndirimbo.

Ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko igenekerezo rya 4/8 ngo niho azoshira ahabona amasanamu yako karirimbo.

Iyo ndirimbo ikaba isohotse inyuma y’ugukorana akaririmbo n’umuririmvyi w’umunya Angolas, akaririmbo bavuze ko bitezeko vyinshi.

12,815 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment