;
Scroll to Top

Chonge asabwa n’abakunzi b’ibikorwa vyiwe gusohorera rimwe amajwi n’amasanamu

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 26 Jul 2018 07:53 AM / No Comments / 523 views

Inyuma y’akaririmbo kasohotse haraheze amezi ane, umuririmvyi Chonge yongeye kwandi kumenyesha ko afise ibindi bikorwa bishasha buca ashira ahabona, ivyo akaba yabimenyesheje akoresheje urubuga rwa Facebook. 

Mu rurimi rw’icongereza uwo muririmvyi abarizwa muri leta zunze ubumwe za amerika, yanditse avuga ko ubu yahejeje kwitegurira gushira ahabona akaririmbo gashasha. Yagize ati :” I’m ready to release new audio “.  Abamukurikirana kuri urwo rubuga bakaba bataretse kugira ico bashikirije kuvyo yarahejeje kumenyesha. 

Uwo mwanditsi wa Nkunda Ngukunde yakoranye na Arnovic, akaba yasabwe n’abakunzi b’ibikorwa vyiwe ngo ako karirimbo azokurikiza azokazanane n’amasanamu kuko ngo niho bisa neza.

 Audio + Visuals 🔥
 Videos 
Bro we want a video 

Soma n’iyi :  Chonge x Arnovic – Nkunda Ngukunde (Official Video)

Ako karirimbo gasohotse, kakaba kazoba gasanze iyindi yari imaze amezi 4 gusa ishizwe ahabona, iyo ikaba imaze kurabwa incuro zirennga 3000 ku rubuga rwa Youtube rw’uwo musore yaheruka aha iwacu mu mpera z’umwaka wa 2017.

 

Agacerere Elly’s boy yahoramwo azokavanamwo gishasha na Fizzo

5,612 total views, 0 views today

Tagged as: