;
Scroll to Top

Yvan Muziki agiye guteramisha abanya Kigali

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 26 Jul 2018 08:53 AM / No Comments / 523 views

I Kigali mu rwanda, Yvan Muziki ashobora kuba agiye kuhakorera ibiteramo 2, kimwe co kikaba kimaze kumenyekana ko azoba arikumwe na bamwe mu baririmvyi b’abanya Kigali.

 

Abanya Kigali ngo bagiye gueramishwa na Yvan Muziki, uwo akaba azoba avuye ku mugabane wa buraya aho asanzwe abarizwa muri kino gihe kandi akanarangurira ibikorwa vya buri musi. Ivyo bikaba vyabonetse kubera urupapuro ndangagiteramo rwamaze kuboneka.

Ico giteramo kizoba kuri uyu wa 11/8, kikazobera i Kigali mu Rwanda, mu kibanza citwa Park Inn. Ntazotamba yirorera kuko abaririmvyi nka Jules Sentore na Massamba Intore bazomushigikira muri ivyo biteramo azokorera i Kigali.

Amakuru dukesha abegereye uwo mwanditsi w’akaririmbo BooBoo akaba avuga ko uwo muririmvyi yoba azokorera i Kigali ibitermao 2, kimwe akazonagifashanyamwo na mugenziwe Dj Nicolas asanzwe abarizwa muri Canada. Hakaba hataramenyekana ryari azoshikira i Kigali.

Mukibuka ko hari akaririmbo BooBoo kakiri mu bubiko katarashirwa ahabona, ako kakaba kacitezwe n’abakurikirana ibikorwa vy’uwo muririmvyi.

 

==>> Double jay ati : Abaririmba nabi ntibabuze, Nay’utudumbidumbi ntaco tuzofasha <<==

5,358 total views, 0 views today

Tagged as: