;
Scroll to Top

Amasanamu y’akaririmbo Come Back ka Christian Bella na Dady Face yashizwe ahabona

By KING YANN COOL / Published on Friday, 03 Aug 2018 17:48 PM / No Comments / 518 views

Daddy Face yahavuye ashira ahabona amasanamu y’akaririmbo Come Back yakoreye hakurya y’amazi akoranye n’umu Tanzania Christian Bella.

Inyuma y’igihe kitari gito akaririmbo ka Dady face na Christian Bella karindiranywe igishika, uwo muririmvyi abarizwa muri kino gihe aha iwacu yahavuye agashira ahabona.

Ako karirimbo kamara iminota 4 kiswe Come Back kanashiriwe ahabona amasanamu kuri uyu wa 5 mw’ijoro.

Hampande ya Dady face na Christian Bella, muriko harabonekamwo ibibanza vyiza, biboneka ko hatari Hano iwacu, ahubwo ari hakurya y’amazi. Ikindi kibonekamwo n’umwigeme yakinyemwo ahamagarwa ngo agaruke.

Mukamenya ko ako karirimbo gashiriwe ahabona amasanamu mu gihe ari mu karuhuko hano iwacu, I Bujumbura.

7,758 total views, 0 views today

Tagged as: