;
Scroll to Top

Akandi karirimbo ka Bahaga kagiye kuririmbwa na Mt Number one

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 04 Aug 2018 13:09 PM / No Comments / 696 views

Mt number one agiye gusohora akandi karirimbo kagira 2 kandtswe n’umuririmvyi w’inararibonye Bahaga.

Inyuma y’akaririmbo Yasa n’irirenga ka Bahaga umuririmvyi Mt Number one aheruka gushira ahabona, ngo agiye gushira ahabona akandi karirimbo kanditswe n’iyo nararibonye.

Nkuko bibone Ku rubuga rwiwe rwa WhatsApp, uwo muririmvyi aza yamaze guhabwa amajambo agize iyo ndirimbo buca ashira ahabona. Iyo nayo akaba yamenyesheje ko azoba ari Baramujanye.

Twagerageje kumurondera ngo atubwire igihe iyo ndirimbo abakunzi b’umuziki wiwe boyitegera, akaba atatomoye neza, ariko yemeza ko ari vuba cane.

7,935 total views, 0 views today