Scroll to Top

Seedorf na Kluivert bahawe amabanga yo kumenyereza igihugu ca Cameroun.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 05 Aug 2018 07:25 AM / /

Abanya Hollande  babiri, Clarence Seedorf na Patrick Kluivert bagiye kumenyereza umugwi nserukiragihugu ca Cameroun, kugira bashobore  gushikana kure ico gihugu, mu gikombe ca Afrika co mu mwaka wa 2019.

Nk’uko vyashikirijwe na Pierre Ismaël Bidoung Mkpatt, umushikiranganji w’inkino muri ico gihugu, aramenyesha ko iruhande rw’amazina yavuzwe na cane cane umuhumure Sven-Göran Eriksson, aturuka mu gihugu ca Suède, abo bagabo babiri bahoze bakinana nibo  bahawe amasezerano.

Abo bamenyereza akaba ata mabanga  nk’ayo y’ukumenyereza umugwi nserukiragihugu  wo muri Afrika n’umwe bari bwaronke, ariko bakaba bari bamaze kumenyereza imigwi ikomeye ku mugabanewa Bulaya.

10,969 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment