Scroll to Top

#Indundi Sports| EAC: Uburundi bugiye kwakira inkino za mbere za Afrika y’ubuseruko.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 05 Aug 2018 08:38 AM / /

Kuva ku wa 13 gushika ku wa 16 Myandagaro, Uburundi bugiye kwakira inkino za mbere z’akarere ka Afrika y’ubuseruko (1st edition of the EAC Games).

Ibisagara bitatu nivyo vyatowe n’inama ijejwe gutunganya izo nkino ngo bize vyakire ivyo birori: Bujumbura, Ngozi na Gitega. Ibihugu bitandatu bisanzwe bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko akaba aribo vyitezwe.

Ku civugo: “Gukomeza ukwiyunga n’amahoro muri Afrika y’ubuseruko tubicishije mu nkino.

Inkino zitandukanye nizo zizobera ku bibuga bitandukanye:  Ukwinonora imitsi, umupira w’amaguru, inkino z’amaboko :Handball, Basketball, Netball, Volleyball, Tennis, Rugby, Judo, hakongerako  Karate, Boxing and Taekwondo.

Nk’uko vyashiirijwe n’umuhanuzi araba ivy’inkino n’imico kama mu biro vy’umunyamabanga mukuru wa EAC,  Mr. Bernard Bakaye Lubega, Uburundi buzokwakira abanonotsi bangana 1.630, abayobozi bangana 310. abanyenicubahiro (VIPs) bangana 106. Muri rusangi, inkino zingana 291 nizo zizokinwa.

10,618 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment