Scroll to Top

Imbere ya Sauti Sol, Sat-b yemeye kwibagiza abarundi umuziki w’abanyamahanga

By KING YANN COOL / Published on Monday, 06 Aug 2018 07:03 AM / /

Ata kurya umunwa, Sat-b yemereye abarundi kubibagiza umuziki w’abanyamahanga nka Davido, Wizkid n’abandi.

Mu gihe ariwe muririmvyi w’umurundi wenyene yakiriwe mu giteramo ca Sauti Sol, Sat-b yemereye abakunzi b’ibikorwa vyiwe impinduka ikomeye cane.

Ariko araririmba yemereye abakunzi b’ibikorwa vyiwe ko azobibagiza abaririmvyi b’abanyamahanga. Aho avugamwo amazina atandukanye nka Wizkid, Diamond, Davido n’abandi.

Mu gihe abantu bari basidukanye n’iyonka baje kuraba ico giteramo harimwo n’abakunzi batari bake b’umuririmvyi Sat-b, hari bamwe batahanye akababaro kadasanzwe.

Ako kababaro kakaba kavuye kuko ngo abategura ibiteramo bubahisha abanyamahanga gusumba Abarundi. Uwo mukunzi w’ibikorwa vya Sat-b akaba yabivuze afatiye kuko ngo batemeye ko begera Sat-b ari kuri Podium, ariko ngo Sauti Sol imaze kuja kuri Podium bakabarekura.

Mukibuka ko ico giteramo cabaye kuri uyu wa mungu kuri EFI Nyakabiga, igiteramo kikaba catanguye gitevye, gihera isaha zine n’inusu z’ijoro.

10,403 total views, 0 views today

Add Comment