Scroll to Top

Patrick Richard arizera gutahukana urukino rwa nyuma muri final ya Play Offs

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 07 Aug 2018 00:52 AM / /

Umumenyereza wa REG BBC, inyuma y’ugutsinda urukino rwo kuri uno w’Imana, atsinda Patriots, arafise icizere c’ugutahukana igikombe ca Play Offs mw’ihiganwa ry’igihugu c’Urwanda.

Ku ntsinzi zibiri ku zindi, ino migwi isanzwe ihanganye muri Baket Ball yo mu gihugu c’Urwanda, isigaje urukino rumwe rugira gatanu rutegekanijwe ku munsi wa gatanu, akaba ari narwo ruzobatatanura.

Ku bw’uno mumenyereza aragira ati:” Dusigaje urukino rumwe rwo ku munsi wa gatanu, turiteze intsinzi.”

Inyuma y’ugutakaza ihiganwa umugwi wa REG BBC, muri zino nkino bakaba bifuza gutahukana ikibanza ca mbere.

2,944 total views, 0 views today

Add Comment